Uko wahagera

Ububirigi: Polisi Yahanganye n'Abakoresha Iterabwoba


Igipolisi co mu gihugu c’Ububirigi kimenyesha ko catoye ikiziga c’umuntu yapfuye mu bikorwa carimwo ejo ku musi wa kabiri, aho abapolisi bariko barahiga abakora iterabwoba.

Abapolisi bane nibo bakomeretse mugihe bariko barasana n’abo bakora iterabwoba ku nzu babamwo kumurwa mukuru Buruseli w’Ububirigi. Igipolisi kimenyesha ko casanze uwo muntu yapfuye inyuma yaho cinjiriye mu nzu babamwo.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Ubufaransa Bernard Cazeneuve yamenyesheje ko igihugu cafashije mur’ico gikorwa co guhigana n’abicanyi. Avuga ko ico gikorwa gifitaniye isano n’ubwicanyi bwabaye I Paris kw’italiki ya 13 ukwezi kwa cumi na kumwe k'umwaka uheze.

Kuva hagati y’ukwezi kwa cumi na kumwe, abantu 11 nibo bamaze gufatwa mu Bubirigi bagirizwa kugira uruhara mu vyabaye I Paris baranacirirwa imanza. Abashika umunani baracari mu gasho.

XS
SM
MD
LG