Uko wahagera

Ububiligi n'Ubudage Vyasabwe Gushumbusha Abarundi


Evariste Ndayishimiye, Perezida w'Uburundi
Evariste Ndayishimiye, Perezida w'Uburundi

Uburundi burasaba ibihugu vy’abukolinije kubushumbusha ku mabi babukoreye.

Ivyo vyavugiwe mu mwiherero w’imisi ibiri w’abagize inama nkenguzamateka baheruka gutorwa n’abariko bararangiza ikiringo cabo barongowe na Reveriyano Ndikuriyo.

Mu ngingo bapfunditse harimo izijanye na kahise k’Uburundi.

Abigisha ba kaminuza bo mu bisata bitandukanye, na cane cane abanonosoye akahise k’Uburundi baratanze ibiganiro kubari bitavye iyo nama.

Inyuma rero y’amatohoza abo bigisha bakoze bakanashikiriza abo bari muri uwo mwiherero haciye hapfundikwa ibikorwa vyihuta bemeza ko bikwiye gukorwa.

Muri vyo reta y’Uburundi isabwa gukora amatohoza kugira Abarundi bamenye ingene igihugu cabo cari cifashe abakoroni batarashika, kwitwarira ibihugu vy’Ubudagi n’Ububirigi n'ababifashije mu gucinyiza Abarundi kugira bahanwe, no gutunganya ikibano mu Barundi ukundi gusha kugira agatima k’amacakubiri afatiye ku bwoko kabibwe n'abakoroni karanduranwe n’imizi.

Ububirigi n’Ubudagi busabwa gusaba ikigongwe abarundi kumabi babakoreye no gushumbusha Abarundi. Ivyo bihugu birasabwa kandi gutanga ibitigiri nyavyo vy’abarundi baguye mu ntambara ya mbere y’isi yose, imiryango yabo igashumbushwa.

Ubudagi bukanashumbusha Uburundi ku nka 424 zanyazwe umwami Mwezi Gisabo mu mwaka 1903, agaciro kaharurwa kugera mu mwaka 2018 kuri miriyaridi 43 z’amadorari y'Amerika no gutahukana ibimenyetso vyose biranga Uburundi bibitswe muri ico gihugu.

Ivyo vyo gutahukana ibintu vyose biranga Uburundi bikaba kandi bisabwa no ku gihugu c’Ububirigi.

Igihugu ca Reta z’unze Ubumwe za Amerika naco gisabwa kwemanga amabi yaturutse ku masezerano yeguriye Uburundi ku ngoma y’Ububirigi inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose ico gihugu kikanasaba ku mugararagaro ikigongwe Uburundi.

Ekereziya Gatorika nayo isabwa kwemanga uruhara rwakozwe n’abamisiyonari mw'ivangura ry’Abarundi mu moko n’inkurikizi vyazanye mu Burundi. Gatorika irasabwa kandi gutahukana i Burundi ibintu vyose biranga Uburundi muri kahise kabwo bibitswe i Roma mu gihugu c’Ubutariyano.

Reveriyano Ndikuriyo arongoye inama nkenguzamateka akaba yamenyesheje abagiye kuzobakorera mu ngata kuzobandanya ico gikorwa batanguye bagiye babashikirije kugira ukuri ku mabi yabaye mu Burundi ku ntwaro y’abakoroni amenyekane kandi abayakoze bahanwe.

Nta cyo ivyo bihugu biravuga ku vyagiriji vy’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG