U Rwanda rwongereje inteko mu gihugu ca Centrafrique mu gihe abarwanya ubutegetsi bariko begereza umurwa mukuru bateshejwe. Reta ya Centrafrique imenyesha ko inteko zijejwe gucungera umutekano zatewe n’abarwanya ubutegetsi bariko batera begereza umurwa mukuru, Bangui.
Reta y’u Rwanda n’iya Centrafrique vyagirije Francois Bozize yahoze ari prezida kuba ashigikiye abarwanya ubutegetsi kandi ko ariko ategura kudeta. Yamara arabihakana. U Rwanda rwararungitse kandi inteko amajana n’amajana muri Centrafrique. Izo nteko zatanguye gutana mu mitwe n’abarwanya ubutegetsi muri ico gihugu.
Inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zamenyesheje ko ibitero vy’abarwanya ubutegetsi bariko batera bagana umurwa mukuru, vyateshejwe. Bozize yarimwe uburenganzira bwo guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba ku musi w’Imana muri Centrafrique.
Uburusiya bufise abasirikare amajana n’amajana n’ibirwanisho bikomakomeye muri ico gihugu bajejwe gukingira reta. Umuvugizi wa reta, Ange Maxime Kazagui yatangaje ko inteko z’Uburusiya zatumiwe mu gihugu hisunzwe amasezerano hagati y’impande zompi.
Inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU zizwi kw’izina rya MUNISCA nazo nyene zarungitswe mu bice vyo hanze y’umurwa mukuru guhagarika ibitero vy’abarwanya ubutegetsi bafashe ibisagara bitari bike vyegereye umurwa mukuru. Prezida wa Centrafrique, Faustin Archange Touadera, yatangaje ko amatora yo ku musi w’Imana azoba nk’uko vyari bitegekanijwe
Facebook Forum