Uko wahagera

U Rwanda Rwasohoye Umutahe Mpuzamakungu wo Guhagarika Col Aloys Ntiwiragabo


Ifoto ya Col Aloys Ntiwiragabo akiri muto n'iyubu afise imyaka 72
Ifoto ya Col Aloys Ntiwiragabo akiri muto n'iyubu afise imyaka 72

U Rwanda rwasohoye umutahe mpuzamakungu wo guhagarika Colonel Aloys Ntiwiragabo, yari ajejwe urwego rw'iperereza mu biro bikuru vya gisikare mu gihe c'intambara na jenoside mu Rwanda muri 1994.

Umushikiriza manza mukuru w’u Rwanda, Aimable Havugiyaremye yatangaje ivy’uno mutahe ejo ku wa kabiri asigura ko bakoze amatohoza yimbitse ku vyaha birimwo ivya jenoside yagirizwa kandi bariko bakorana neza n’Ubufaransa kuri ino dosiye.

Umutahe wo guhagarika Ntiwiragabo usohotse ku ruhande rw’u Rwanda mu gihe Ubufaransa mu kwezi kw’indwi bwatanguje amatohoza ku vyaha vy’agahomerabunwa vyoba bimwagira. Ni amatohoza yuguruwe inyuma yaho ikinyamakuru co mu Bufaransa, Mediapart, gikora inkuru zicukumbuye gisohoreye inkuru cemeza ko cabonye uwo mugabo w'imyaka 72 mu gace ka Orléans kari hagati mu Bufaransa.

Ico kinyamakuru kivuga ko Aloys Ntiwiragabo amaze imyaka igera kuri 14 mu Bufaransa naho yasavye ubuhungiro ico gihugu mu kwezi kwa kabiri k'uyu mwaka. Mu vyo Colonel Aloys Ntiwiragabo yagirijwe muri kahise harimwo ko yoba “yari mu murwi w’abantu 11 bateguye kuva mu mpera zo mu 1990 kurimbagura abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatutsi”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG