Uko wahagera

U Rwanda mu Bihugu Bishobora Gukorerwamo inkingo za Covid-19


Inkingo za Covid 19
Inkingo za Covid 19

Isosiyete ikora imiti yo muri Amerika, Moderna, ivuga ko u Rwanda, Senegal na Afrika y'epfo bishobora kuba ibibanza ishobora gushiramwo amahinguriro yayo yo gukora incanco muri Afrika.

Isosiyete, Moderna, mu ndwi iheze yaratangaje ko izokwubaka ihinguriro muri Afrika rizokora incanco zishika ku miliyoni 500 ku mwaka, harimwo incanco zayo zo kwikingira ikiza ca Covid-19. Amasosiyete akora imiti ariko atera aremerwa kurushiriza kugira ahingurire imiti mu bihugu bikenye.

Noubar Afeyan, ari mu bashinze isosiyete, Moderna, mu mwaka w’i 2010, yatangaje, mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubwongereza, Reuters, ku musi wa mbere, ko igikorwa co gihitamwo igihugu kizokwakira ihinguriro ryayo kigiye gukomera muri iki gihe iyo sosiyete yatangaje imigambi yayo muri Afrika.

Abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu bavuga ko isosiyete, Moderna, ishobora guhitamwo u Rwanda, Senegal na Afrika y’epfo kubera ivyo bihugu biza bifise ubuhinga mu bijanye n’incanco hamwe n’ukuzitunganya canke vyerekanye ko vyipfuza gushiraho ihinguriro nk’iryo.

Afrika y’epfo isanzwe ifise ubushobozi mu bijanye n’ubushakashatsi bwerekeye ivy’amagara y’abantu n’amahinguriro y’imiti mu gihugu.

Ikigo c’ubushakashatsi mu bijanye n’amagara y’abantu muri Senegal, Institut Pasteur, kirakora incanco za “Fievre Jaune” mu gihe u Rwanda rwerekanye ko rwifpuza gukora incanco n’imiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG