Turkiya yataye mu mvuto abasirikare 304 bikekwa ko bafitaniye isano n'abagerageje coup d'etat mu mwaka w'i 2016.
Itororokanairizo ry’amakuru rya reta, ryamenyesheje ko itohoza riyobowe n’abashikirizamanza mu gisagara ca Izmir mu burengero bw’igihugu ryerekeye abikekwa kuba bagize uruhara muri iyo kudeta. Muri abo harimwo intwazangabo zo ku rwego rw’abakoloneli 5 mu gisirikare mu ntara 50 zigize igihugu.
Abantu barenga 285 barishwe muri iyo kudeta yageragejwe mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2016.
Abategetsi ba Turkiya bavuga ko yari yateguwe n’umutegetsi akomeye w’idini rya kiyislamu, Fethullah Gulen aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Wewe ahakana ko yagize uruhara mur’uyo mugambi wo kugerageza gutembagaza ubutegetsi.
Yamara igikorwa co gutoteza abamushigikiye caratumye abantu 290,000 batabwa mu mvuto, 96,000 muri bo bamaze imyaka ine bari mu munyororo aho barindiye gucirwa urubanza.
Abantu barenga 130,000 barirukanywe mu buzi bwa reta harimwo abigisha n’abapolisi.
Abanebagura reta bavuga ko ihagarikwa n’iyirukanwa ry’abo bantu vyatoteje abatavuga rumwe na reta ya prezida Recep Tayyip Erdogan muri rusangi, hisunzwe amategeko arwanya iterabwoba.
Facebook Forum