Uko wahagera

Misiri na Turukiya Biranoza Umubano


Ibihugu vya Turukiya na Misiri biriko birasubira kwunga imigenderanire.

Igihugu ca Turukiya cahagaritse imigenderanire ya ki dipolomasiya na Misiri inyuma yaho Perezida Mohamed Morsi yahoze arongoye Misiri akuriwe kubutegetsi.

Mur’iyi ndwi Turukiya caremeye Misiri ko kija mu mugwi w’ibihugu mvamakungu biriko birakora kugira batorere inyishu intambara iri muri Libiya.

Ivyo vyabaye inyuma yaho Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdowan yemeye kwongera kuvugana na Misiri abicishije ku bashikiranganji babo.

Imigenderanire muvya ki Dipolomasiya hagati y’ivyo bihugu bibiri yahagaze inyuma yaho igisirikare ca Misiri cirukaniye kubutegetsi Perezida Mohamed Morsi, yari soma mbike na perezida Erdowan.

Abahinga muvya Politike bavuga ko Turukiya kiriko kiriyegereza ibihugu vyo buseruko bwo hagati inyuma yaho imigenderanire n’ibihugu bibanyi hamwe n’Uburusiya itosekariye.

XS
SM
MD
LG