Uko wahagera

Tuniziya: Sentare ya Gisirikare Yapfunze Abashingamateka ba Karama


Prezida wa Tuniziya kumwe na bamwe mu basirikare atangaza ko akomboye inama nshingamteka
Prezida wa Tuniziya kumwe na bamwe mu basirikare atangaza ko akomboye inama nshingamteka

Muri Tuniziya, umucamanza w’umusirikare yapfunze abashingamateka babiri bahurikiye mu mugambwe wa Kiyisilamu witwa Karama. Ivyo bibaye mu gihe muri ico gihugu ikibazo c’agateka ka zina muntu giteye amakenga inyuma y’aho prezida afashe ingingo yo kwigungirako ubutegetsi bwose mu kwezi kw’indwi.

Sentare ya gisirikare yapfunze Nidal Saudi hamwe na Eddine Makhlouf, umukuru w’umugambwe Karama yama yanebaguye Prezida Kais Saied mu nama nshingamateka. Ipfungwa ryabo rishikanye igitigiri c’abashingamateka batanu bapfunzwe muri iki gihe.

Saudi yapfunzwe yagirijwe gutuka abakozi bajejwe umutekano ku kibanza c’indege mu mezi atanu aheze, nk’uko umushingwamaza wiwe yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Makhlouf nawe, yahagaritswe hanyuma akarekurwa mu ndwi iheze igihe yari yitavye urubanza muri sentare, yaciye asubira gupfungwa inyuma y’aho yankiwe kuburanira Saudi, yari yamutoye nk’umushingwamanza wiwe.

Itangazo ryashizwe ahabona na sentare ya gisirikare rivuga kw’umucamanza yafashe icemezo co gupfunga Makhlouf amwagiriza ko yateye ubwoba umucamanza wa gisirikare anamwagiriza uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG