Uko wahagera

Tuniziya: Mounir Akundana n'Abo Basangiye Igitsina Yankiwe Kwitoza


Mounir Baatour

Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Tuniziya wemeje abakandida 26 bazokwitoza mu mwanya w’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu kwezi kw’icenda.

Uwo murwi wankiye abandi 76 bari batanze amadosiye yabo harimwo umushingwamanza Mounir Baatour yamenyekanye kubera ukuvugira abakundana bahuje ibitsina mu bihugu vy’Abarabu.

Mounir ari kandi mu ba mbere bemanze ko bakundana n’abo bahuje ibitsina mu bihugu vy’Abarabu bisanzwe biterekwa umuce w’abo bantu. Yavuze ko ata kindi azize atari imibereho yiwe.

Amatora yo muri Tuniziya vyari bitegekanijwe ko azoba mu mpera z’uno mwaka ariko ahava atunganywa imbere y’ico kiringo bivuye ku rupfu rwa Prezida Béji Caïd Essebsi yashengeye itariki 25 ukwezi kw’indwi ku myaka 92 azize ingwara.

Abankiwe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bahawe amasaha 24 kugira bunguruze imbere y’uko urutonde ntabanduka rw’abazokwiyamamaza rutangazwa kw’igenekerezo rya 31 k’uno kwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG