Uko wahagera

Trump Yoba Agiye Kweguzwa Biciye mu Nama Nshingamateka?


Perezida wa Amerika Donald Trump n'umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi
Perezida wa Amerika Donald Trump n'umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi

Abagize inama nshingamateka ya Amerika bose bazotora muri iyi ndwi ku vyerekeye itohoza ku vyaha Perezida Donald Trump yagirizwa ku bijanye na dosiye y’igihugu ca Ukraine, bishobora gutuma akurwa mu mabanga yiwe hamwe vyomwagira.

Muri ico gihe bitegekanijwe ko uwundi mutegetsi wo muri Reta yishura ibibazo imirwi ijejwe itohoza igize inama nshingamateka uno musi ku wa kabiri.

Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi yategekanije ayo matora ku musi wa kane w’iyi ndwi. Yatangaje ko ashaka gukuraho amazinda ayo ariyo yose ku bijanye n’itohoza ririko rikorwa kuri Trump.

Pelosi avuga ko ayo matora azokwemeza itohoza risanzwe riza ririko riraba.

Perezida Trump n’abamushigikiye bo mu mugambwe w’abarepublikani bavuga ko itohoza ririko riraba ku vyo Perezida Trump yagirizwa ko yagerageje kuremera perezida wa Ukraine kugira agire itohoza kuri Joe Biden, umudemokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu mwaka ridatumbereye.

Ivyo ngo kubera ririko riba mu munyegero. Bamenyesha ko abagize inama nshingamateka bose batigeze batora ku vyerekeye iryo tohoza. Umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi avuga ivyo bitagira ishingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG