Uko wahagera

Trump Yakuye akarenge Mu Matungo Yiwe


I hoteri ya Donald Turmp muri Reta ya Chicago
I hoteri ya Donald Turmp muri Reta ya Chicago

Donald Trump aheruka gutogwa mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesha ko akuye akarenge muvyo yahora akorera hirya no hino, mu ntumbero yo kubitandukanya n’imirimo yo kuyobora igihugu, azotangura ku mugaragaro kuva itariki ya mirongo ibiri, z’ukwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura.

Ivyo Trump yabitangarije k’urubuga rwa Twitter, kur’uyu wa gatatu, aho yatangaje ko ahagaritse kuyobora ubutunzi bwiwe buri mu mahoteri, mu bibuga vy’inkino za Golf, inyubakwa zo kuruhukiramwo, izisanzwe zirangurigwamwo imirimo itandukanye, hamwe n’ibifungugwa bisanzwe vyitirigwa izina. Urwo rudandazwa rukaba ruharugwa mu mamiliyaridi y’amadolari, rurangurigwa muri Amerika no mu bihugu vyo hanze ya Amerika bishika kuri cumi n'umunani.

Nta tegeko ribuza Donald Trump kwikura urudandazwa rwiwe, yamara Trump amenyesha ko atipfuza ko haba ukutumvikana hagati y’amatungo yiwe n’ivyo azorangura nk’Umukuru w’Igihugu.

Amenyesha ko igikorwa co kuyobora Igihugu kiri n’agaciro kanini kurusha ibindi.

XS
SM
MD
LG