Uko wahagera

Trump Aravuguruza Abahinga mu vy'Ubuvuji ku Bijanye na COVID-19


Perezida Donald Trump.

Prezida Trump yabeshuje abategetsi bajejwe amagara y’abantu, mu gihe Biden wewe avuga ko yemera abo bahinga, atemera Trump.

Perezida Donald Trump yashikirije amajambo ahushanije n’ayashikirijwe n’abahinga ba reta bakomeye mu vyerekeye amagara y’abantu, mu gutanguza ko urucandago rwizigiwe rw’ikiza ca corona, ruzoba rumaze kuboneka mu kwezi kuza, kandi ko ruzoca rushikirizwa abanyagihugu bidatevye.

Ivyatangajwe na Prezida Trump vyatesheje agaciro ivyari vyashikirijwe n’umuyobozi w’ibiro vya Amerika bijejwe kugwanya no gukinga ingwara Robert Redfield, yari yavuze kw’urwo rucandago rutazoboneka vuba.

Trump ntavuga rumwe kandi na Redfield ku vyerekeye akamaro kw’urwo rucandago hamwe no ku vyerekeye akamaro k’udupfukamunwa two kwingira ikiza ca corona.

Yamara Joe Biden ariko yitoza ku giti c’umugambwe w’aba demokrate mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa 11, avuga ko yemera ibishikiirizwa n’abahinga banonosoye ivyerekeye amagara y’abantu ku vyerekeye urwo rucandago, atemera ibivugwa na Prezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG