Uko wahagera

Trump Agabisha ko Azoduza Amatagisi y'Imodoka Zikorerwa Iburaya


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump

Pezida wa Amerika Donald Trump yagabishije gutangisha amatagisi ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana, ku modoka zikorewe mu karere k’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya zirungikwa muri Amerika. Ivyo ni mu ntumbero y’ukwishura ku matagisi yashizwe ku bidandazwa bivuye muri Amerika bigana akarere k’i Bulaya.

Uno musi ku wa gatanu, niwo musi amatagisi umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya washize ku bibandazwa bivuye muri Amerika yashirwa mu bikorwa. Prezida Trump, akoresheje Twitter, yavuze ko hamwe ayo matagisi atokurwaho vuba bazoshira amatagisi ari ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana ku modoka zose z’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya zije muri Amerika.

Prezida Trump ashaka kw’izo modoka zikorerwa muri Amerika.

Amatagisi mashasha y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya yerekeye ibidandazwa bivuye muri Amerika vy’agaciro k’imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari, harimwo impuzu za, “Jeans”, whisky ya “bourbon” n’amapikipiki ya, “Harley Davidson”.

N’ingingo ya nyuma y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya ku ngingo ya Prezida Trump y’ugutangisha amatagisi, kuri “acier” na “aluminium” bivuye muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG