Uko wahagera

Togo: Perezida Faure ku Ncuro ya Kane Yegukanye Intsinzi


Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Togo wemeje ko ku ncuro ya kane Faure Gnassingbé yegukanye intsinzi mu mataora y'umukuru w'Igihugu. Faure ari ku butegetsi kuva mu 1967.

Abatavuga rumwe na Reta biyamirije iyo ntsinzi bavuga ko amatora yibwe, abanywanyi babo bimwa uburenganzira bwo kwitabira ayo matora yabaye ku wa gatandatu.

Umuhana w’umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Agbeyome Kodjo, yaronse ikibanza kigira kabiri n’amajwi 18%, ku munsi wa gatandatu wiriwe ukikujwe n'abajejwe gucungera umutekano.

Abategura amatora bavuga ko Faure yatsinze n'amajwi 72%. Bitegekanijwe ko sentare y’ico gihugu ijejwe ibwirizwa shingiro yemeza canke igahakana ivyavuye muri ayo matora muri ino ndwi.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG