Uko wahagera

Tedros Adhanom Ghebreyesus ni we Mukandida Wenyene mu Mabanga ya OMS


Tedros Adhanom Ghebreyesus
Tedros Adhanom Ghebreyesus

Gebreyesus, yayoboye inyishu y’amakungu ku kiza ca Covid-19, agiye kurangura ikindi kiringo c’imyaka 5 mu mabanga y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS.

Tedros yigeze kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Etiyopiya yabaye Umunyafrika wa mbere yatowe kuyobora OMS mu mwaka w’i 2017.

Ubufransa n’Ubudagi biri mu bihugu vyo mu karere k’i Bulaya bimushigikiye hamwe n’ibihugu 3 vyo muri Afrika, ni ukuvuga Botswana, Kenya n’u Rwanda. Ubwongereza, Ubushinwa, Uburusiya na Reta zunze ubumwe za Amerika ntibiri ku rotonde rwatanzwe rw’ibihugu vyamugenye icese.

Ishirahamwe OMS rishobora gutangaza ko umukandida umwe rudende yashikirijwe n’ibihugu birigize kw’italiki 23 y’ukwezi kw’icenda muri uyu mwaka w’i 2021.

Etiyopiya yaranse kugena Tedros mu kiringo kiriga kabiri kubera kutumvikana ku ntambara iri mu ntara ya Tigreya mu buraruko bw’igihugu. Vyasavye ko ibindi bihugu bitegerezwa kumugena.

Tedros yayoboye amakungu mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Covid-19 cadutse ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan kiri hagati mu gihugu c’Ubushinwa mu mpera z’umwaka w’i 2019, kikaba kimaze guhitana abantu imiliyoni 5 n’ibihumbi amajana abiri kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG