Uko wahagera

Tanzaniya Yahagaritse Indege Zija n'Iziva mu Buhindi Kubera Covid 19


Air India
Air India

Tanzaniya yahagaritse indege zija n'iziva mu Buhindi mu gihe ibitigiri vy'abandura Covid-19 bitera vyiyongera cane muri ico gihugu. Iyo nkuru yatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu. Ni ikimenyetso Reta ya Tanzaniya yerekanye c’uko yahagurukiye bikomeye ibijanye n’uguhangana n’ikiza ca Covid-19 ku buyobozi bwa Prezida mushasha, Samia Suluhu Hassan.

Tanzaniya yifatanije n’igitigiri gitera ciyongera c’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko vyahagaritse indege zija n’iziva mu Buhindi, harimwo Uganda na Kenya.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, Abel Makubi, yamenyesheje ku musi wa kabiri ko iyo ngingo yagiye mu ngiro buno nyene, ikazobandanya gushirwa mu bikorwa gushika hari ibindi bimenyeshejwe.

Yamara iyo ngingo ntizoba yerekeye indege zitwara imizigo n’indege zemerewe imbere y’uko ifatwa zitwara imfashanyo, abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’imiti. Ni zimwe mu ngingo zikomeye ziherutse gufatwa na reta ya Tanzaniya kugira ikiza ca Covid-19 nticiyongere.

Uburyo Prezida mushasha wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan ariko avyifatamwo ku bijanye n’ikiza ca Covid-19 biratandukanye bikomeye n’uwo yasubiriye, John Magufuli, yafashe minenerwe ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG