Uko wahagera

Tanzaniya Yataye muri Yompi Umwe mu Batavuga Rumwe n'Ubutegetsi


Polisi ya Tanzaniya yataye muri yompi Zitto Kabwe, umukuru w’umugambwe Wazalendo uri mu yikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu. Uyo munyepolitike kimwe n’abanywanyi umunani b’umugambwe wiwe bahagaritswe bagizwa kuba bariko bakora inama bidaciye mu mategeko.

Imigambwe yindi itavuga rumwe na Reta ya John Pombe Magufuli yateye utwatsi ihagarikwa ry’abo banyepolitike, yemeza ko bahagaritswe ku mvo za politike. Zitto kabwe atawe muri yompi inyuma yuko mu kwezi guheze ubutungane bumugize umwere, ku vyagiriji vy’uko ari we yari inyuma y'ugushamirana hagati ya polisi n'abanyagihugu bo mu karere avukamwo mu 2018. Abanyagihugu bababa ijana ni bo baguye muri iyo mishamirano.

Tanzaniya kuri uno wa kabiri yahagaritse kandi ikinyamakuru, “Tanzania Daima”, kibonwa nk’igihengamiye ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta. Ubushikiranganji bwafashe iyo ngingo bucagiriza kuba caraciye kubiri n’amategeko agenga akarangamutima k’umwuga no gukwiragiza ibihuha.

Mu gihe ubwo bushikiranganji bwemeje ko bwari bwahaye gasopo ico kinyamakuru incuro zirenga cumi, uwugitwara yabibeshuje avuga ko ahubwo yahamagajwe bamubaza ku kiganiro yahaye umusenyeri yahamagariye abatavuga rumwe na Reta co kimwe n’abanyagihugu kuzomera magabo amatora akaba ata manyanga.

Vyitezwe ko Perezida John Pombe Magufuli muri ayo matora ategekanijwe mu kwa cumi uno mwaka yitoreza manda yiwe ya kabiri y'imaya 5. Ni nayo izoba ibaye manda yiwe ya nyuma niyo amategeko atahinduka canke ngo ayarengeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG