Uko wahagera

Tanzaniya: Umugambwe Chadema Ntuzokwitabira Amatora


Umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta muri Tanzaniya, Chadema, utangaza ko uzokwihoza amatora yo mu nzego zo hasi azoba mu mpera z’uku kwezi.

Chadema wagiriza Reta ko ibangamira abakandida bawo mu kubabuza kwitoza. Umenyesha ko ivyo bihonyanga demokrasi mu gihugu.

Umukuru w’umugambwe Chadema, Freeman Mbowe, ashimangira ko badashobora gushigikira amatora nkayo atisunga amategeko.

Umuyobozi mukuru w’umugambwe Chadema, Freeman Mbowe avuga ko abategetsi bajejwe amatora bankiye abakandida batari bake bawo guhiganwa mu matora agenewe gutamwo abategetsi b’inzego zo hasi azoba kw’italiki 24 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG