Uko wahagera

Tanzaniya: Ubukene Bubangamiye Imibereho y'Abana mu Nkambi ya Nduta


Mu gihe amakungu arimwo kwizihiza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’Umunyafurika, abo mu nkambi ya Nduta icumbikiye impunzi z'Abarundi muri Tanzaniya, bo bageramiwe n’ibibazo ntangere.

Inkambi ya Nduta ituwemwo n'abana barenga gato 21500 mu bitigiri bitangwa na HCR. Abagera kuri 1950 muri bo ni imfubyi. Usanga ataco bafise kandi barataye n'ivyigwa kubera kubura infashanyo zikwiye n’uburenganzira bw’abana.

Mu nkambi ya Nduta uwo musi wizihizwa kuri uyu wa kane, aho amajana bitezwe kwitabira no kumviriza ivyo abarongozi b’ikambi n'amashirahamwe aza kubashikiriza mu ntumbero yo gukemura ibibazo bafite.

Abana b’imfubyi benshi barezwe n’incuti bahunganye ariko ntibashoboye kubahumuriza mu ngorane bafise kiretse gutegera ivyo bahawe n’amashirahamwe. Gusa imfashanyo nyinshi bagenewe ntizibashikira.

Bamwe mu bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika bemeza ko babayeho nabi mu buzima bwo mu buhungiro. Abo bana basavye amashirahamwe yitaho uburezi bw'abana mu nkambi guharanira uburenganzira bwabo no kwitaho abana gusumba, kugira izo ngorane zibahambariye zishobore kugabanuka cibure zihere gose mu nkambi ya Nduta.

Bamwe mu babyeyi bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika bavuze ko ubuzima bubi babayemwo mu nkambi buriko buratuma abana benshi baheba amashuri bagatoroka ikambi kuja mu bindi bisagara mu gihugu ca Tanzaniya, benshi muri bo ni abigeme baja gukora akazi ko kurera abana.

Umunsi wahariwe umwana w’Umunyafurika wizihizwa buri mwaka ku itariki ya 16 ukwezi kwa gatandatu ukaba warashyizweho n’Umuryango uhuriwemo n’ibihugu by’Afurika.

Igitekerezo cyo kwizihiza umunsi w’umwana w’Umunyafurika cyakomotse ku rupfu rw’abana b’abirabura bo muri Afurika y’Epfo biciwe mu myigaragambyo yo guharanira uburenganzira bwabo mu Mujyi wa Soweto kuwa 16/06/1976.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:14 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG