Uko wahagera

Tanzaniya: Leta Irihaniza Abanyereza Ibikoresho Bigenewe Impunzi


Inkambi ya Nduta
Inkambi ya Nduta

Reta y’igihugu ca Tanzaniya igabisha abakozi b’amashirahamwe yita ku mpunzi mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli kureka ingeso yo "kunyereza ibikoresho n’ibiribwa bigenewe impunzi".

Ibyo bibaye mu gihe impunzi zikomneje gutaka ko zitabona imfashanyo ihagije muri iki gihe.

Uwo mwanzuro wo kugabisha abakozi b’amashirahamwe wafashwe na bwana Ayubu Ally, umuyobozi mukuru wa komine Kibondo icumbikiwemo impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi ya Nduta.

Bwana Ayubu yari umushyitsi mukuru mu nama yo kumviriza ibibazo bikomeye impunzi zifite n'ibitekerezo zitanga. Iyo nama yabereye mu nkambi ya Nduta kuri uyu wa gatatu.

Ayub yavuze ko bamwe mu bakozi b’amashyirahamwe atandukanye bashinjwa kunyereza ibintu bigenewe impunzi ku nyungu zabo bigatuma impunzi zitotomba ko zibayeho nabi kandi zidahabwa imfashanyo zigenewe, nyuma bakabeshya ko ari imigambi ya reta ya Tanzaniya yo gushaka kubacyura ku ngufu.

Minsi yose impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nduta zama zidoga ko zitaronswa imfashanyo zikwiye harimwo gukabukanirizwa ibiribwa baronswa, naho badakabukanirizwa hari ubwo usanga nivyo baronswa bitabashikana ku musi bazoronkerezwa ibindi bigatuma cyane cyane abageze mu za bukuru babaye mu buzima bubi ntangere.

Umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi mu nama zitandukanye yama yakoreye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli yama yasavye amashirahamwe afasha impunzi harimwo PAM kuzifata neza, kuzikabukaniriza ibiribwa no gukorera kurugero rusabwa.

Impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya zama zidoze yuko zifite ikibazo co kutaronswa ibiribwa bihagije hamwe n’ibikoresho bisabwa mu buzima bwa kiremwa muntu, ikindi n’ikibazo c’umutekano muke, bamwe kuburirwa irengero no guhohoterwa bituma benshi biyandikisha gutaha naho babona yuko ico bahunze gisa nk’ikitarakemuka

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG