Uko wahagera

Tanzaniya: Impunzi Zimuriwe mu Nkambi ya Nduta Zirasaba Umutekano


Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta
Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta

Muri Tanzaniya, zimwe mu mpunzi z’Abarundi ziheruka kwimurirwa mu nkambi ya Nduta zivuye mu nkambi ya Mtendeli zugarijwe n’ibibazo bitandukanye birimo ubusuma bukabije bukorwa na bagenzi babo babakiriye.

Mu mpera z’ukwezi guheze Reta ya Tanzaniya ifatanije na HCR yarashize mu ngiro umugambi wo kwimura impunzi zari mu nkambi ya Mtendeli zijanwa mu nkambi ya Nduta. Mu bitigiri dukura mu muryango wa HCR, haramaze kwimurwa abarenga gato 1300. Izo mpunzi zashikiye mu nzu z’amahema.

Bamwe muri abo bamaze iminsi bimuriwe mu nkambi ya Nduta bemeza yuko bagenzi babo basanze mu nkambi ya Nduta bariko barabanyaga utwabo bakoresheje ubuhinga bwo gutabura inzu zabo z’amahema. Bavuga ko babasahura ivyo basanze mu nzu harimwo ibiribwa n’ibikoresho, bigatuma ubuzima bubi kuri abo bashitsi bavuye mu nkambi ya Mtendeli.

Bamwe mu bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika basaba HCR kububakira inzu zikomeye z’amatafari kugira bikingire abo basuma bariko barabasinzikariza ubuzima mur'iki gihe.

Izo mpunzi zitangaza ko umugambi wo kuzikura Mtendeli zija Nduta utazinezereje kubera ibibazo vyinshi ntangere zahuye na vyo. Ivyo birimo amazi atari hafi bigatuma bakoresha umwanya muremure kugira bayaronke. Inkwi na zo ni uko nyene aha batakambira HCR co kimwe na reta ya Tanzaniya mu gihe icatumye bahunga kitarakemuka kugira basubire mu gihugu c’amavuko.

Reta ya Tanzaniya itumbereye kuzokwugara burundu ikambi ya Mtendeli hatarenze uyu mwaka w’2021, ariko biraboneka neza yuko ico gikorwa kikiri kure cyane kandi kizorenga uwu mwaka kubera ubukene bw’amafaranga akenewe muriico gikorwa.

Umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Tanzaniya, Sudi Mwakibasi mu nama yagiranye n'impunzi zicumbitse mu nkambi ya Nyarugusu, yavuze yuko Tanzaniya itegekanya ko n i yaheza kwugara burundu ikambi ya Mtendeli izoca ibandaniriza uwo mugambi mu nkambi ya Nyarugusu.

Mu bitigiri vya nyuma vyatanzwe na HCR mu mpera z'ukwezi kw’indwi Abarundi basigaye mu nkambi ya Mtendeli ni 22 481 Nduta 58 023, mu gihe Nyarugusu isigayemwo 51 362.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG