Uko wahagera

Tanzaniya: Impungenge kw'Inyuruzwa ry'Impunzi z'Abarundi Zirenga 170


Bamwe mu Barundi bahungiye mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya.
Bamwe mu Barundi bahungiye mw'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya.

Impunzi z'Abarundi zirenga 170 ni zo zimaze kumenyekana ko zanyurujwe mu makambi 3 ya Nduta, Nyarugusu na Mtendeli ari muri Tanzaniya mu kiringo kidashika umwaka kuva mu kwezi kwa 6 kw’umwaka uheze w’ i 2019.

Bake muri abo bari mu mabohero atandukanye, abandi nabo ntawuzi irengero ryabo. Ababangamiwe cane ni abahoze mu migambwe itavuga rumwe na reta igihe batari bwahunge igihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akorera mu nkambi zo muri Tanzaniya, mu Rwanda no mu Buganda yemeza ayo makuru avuga ko atewe umutima uhagaze n’ivyo bitigiri.

Urunani rw’abashingwamanza CAVIB ruvuga ko ruzohava rwitura amasentare mpuzamakungu.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Tanzaniya: Impungenge kw'Inyuruzwa ry'Impunzi z'Abarundi Zirenga 170
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:33 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG