Uko wahagera

Tanzaniya Igiye Kwugara Inkambi y'Impunzi z'Abarundi ya Mtendeli


Impunzi z'Abarundi zahunze imvururu zishiniye kuri poritike zishika mu kambi ya Nyarugusu, mu burengero bwa Tanzaniya. Kw'itariki 28/05/2015.
Impunzi z'Abarundi zahunze imvururu zishiniye kuri poritike zishika mu kambi ya Nyarugusu, mu burengero bwa Tanzaniya. Kw'itariki 28/05/2015.

Reta ya Tanzaniya ikomeje gutunganya umugambi wo kugara burundu ikambi y’impunzi z’Abarundi ya Mtendeli. Abarenga gato ibihumbi 20 basigaye muri iyo nkambi bazokwimurirwa mu nkambi ya Nduta.

Iyo ngingo yashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’ intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, mu nama yaberye hagati mu nkambi ya Mtendeli. Iyo nama hanini yari iyo guhimiriza impunzi gukomeza umugambi wo kwiyandikisha gusubira mu gihugu c'amavuko.

Sudi Mwakibasi mu nama yakoze mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, yari yavuze yuko iyo kambi izofungwa hatarenze mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka turimwo. Ariko iyo ngingo ntiyashizwe mu ngiro. Mu nama yabaye kuri uyu wa kabiri yavuze ko reta iriko irabandanya gutunganya uwo mugambi kandi uzoshirwa mu ngiro hatarenze uwu mwaka w’ 2021

Reta y’igihugu ca Tanzaniya naho itazi neza impamvu ya buri muntu yatumye ahunga minsi yose ihimiriza impunzi gutahuka. Mu kwezi kwa 10 umwaka uheze reta ya Tanzaniya yari yafashe ingingo yo gutahukana impunzi zose ku nguvu naho itabishize mu ngiro.

Uwaserukiye HCR muri iyo nama Deogras Bushiri we yavuze yuko HCR ifatanije na ayandi mashirahamwe hamwe na reta ya Tanzania irimwo kubandanya umugambi wo gutahukana abiyandikishije kubushake bwabo kandi izobandanya gukurikiza amategeko agenga impunzi nkuko bisabwa

Zimwe mu mpunzi z’abarundi zahungiye mu nkambi ya mtendeli kubwazo umwidogo ni mwishi kubera ata muntu ashobora kumenya neza amahoro y’uwundi muntu kandi atazi icatumye ahunga, kubwiyo mpamvu basaba reta kubihanganira no gukomeza gutahukana abavyiyumvamwo gusa

Mu bitigiri bitangwa na HCR impunzi z’Abarundi zisigaye mu nkambi ya Mtendeli zirenga gato ibihumbi 20 gusa, burindwi haratahuka abarenga 400 biyandikishije kubushake bwabo .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG