Igipolisi co mu karere ka Kagera muri Tanzaniya kivuga ko abagera kuri munani bari mu modoka yari itahukanye impunzi z’Abarundi, izivana mw’ikambi ya Nduta bahitanywe n’insanganya ku mugoroba w’uno wa kane.
Batandatu muri abo umunani ni Abarundi, abandi babiri nabo ni abatanzaniya bari mu muduga umwe.
Igipolisi mu karere ka Kagera cemeza ko abagera kuri 30 bakomerekeye muri iyo nsanganya yoba yatewe n’umuvuduko munini.
Bitegekanijwe ko abahitanywe n’iyo nsanganya bashingurwana iteka kuri uno wa gatanu ahitwa Rumasi muri Tanzaniya.
Facebook Forum