Uko wahagera

Abarundi Bahungiye Tanzaniya Bishimiye 25 Ishize Bumva VOA


Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, James Jovin, aganira n'Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya
Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, James Jovin, aganira n'Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya

Impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ziravuga ko zinejejwe n'inkuru y'uko radiyo Ijwi ry'Amerika ishami ry'Ikirundi n'Ikinyarwanda muri iki cyumweru igiye kwizihiza imyaka 25 itangiye ibiganiro.

Abo twavuganye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli batubwiye ko bumva Ijwi ry'Amerika banyujije ku mbuga nkoranyambaga cyangwa ku mirongo migufi ya short wave.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika uri muri Tanzaniya avuga ko mu bo yashoboye kuvugisha ugereranije abagera kuri mirongo irindwi ku ijana buri munsi badasiba kumva ijwi ry'Amerika.

Bavuga ko impamvu y'ingenzi ituma badasiba kumva Ijwi ry'Amerika ar'uko hari amakuru menshi arebana n'ibibazo byabo ku buryo bw’umwihariko.

Ikindi izo mpunzi zemeza n'uko zikunda cyane kumviriza ibiganiro by’Ijwi ry’Amerika kubera ibafasha cyane kumenya amakuru yabo, ayavurwa mu gihugu c’amavuko Burundi nahandi hose mu makungu.

Izo mpunzi zemeza yuko ukudahengeshanya no gutanga amakuru yemejwe atarimwo ububeshi ari kimwe mu mpamvu ituma benshi bakunda kuyumviriza cyane mu nkambi.

Hari ibyo impunzi zisaba yuko Ijwi ry’Amerika yorushirizaho mu gutanga amakuru yemejwe mu biganiro byayo mu myaka iri imbere. Basaba ko ibiganiro bitanga amakuru yo mu karere byakwiyongera kandi abaturage bagakomeza guhabwa ijambo kuri radiyo cyane cyane mu kiganiro Murisanga.

Naho biri uko, si ibintu vyoroshe kuronka amakuru yega impunzi mu gihugu ca Tanzaniya. Impamvu ni uko ata burenganzira bukwiye ku bamenyeshamakuru bakorera mu nkambi co kimwe no ku mpunzi ziyatanga. Bityo, impunzi zisaba reta ya Tanzaniya gutanga uburenganzira bukwiye ku abanyamakuru kugira bashobore kuzivugira ibibaraje ishinga ata nkomanzi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG