Uko wahagera

Tanzaniya: 14 Barimwo Abamenyeshamakuru 5 Bahitanywe n'Isanganya


Imodoka yarimwo abakoze isanganya
Imodoka yarimwo abakoze isanganya

Abamenyeshamakuru 5 baraye bapfiriye mu mpanuka y'imodokari yahitanye abantu 14 bose hamwe mu ntara ya Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo sanganya ryabaye ejo ku wa kabiri aho imodokari yarimwo abo banyamakuru yagonganye imbona nkubone n'iyindi yunguruza abantu n'ibintu.

Abo banyamakuru bose hamwe bari mu rugendo rw’umukuru w'intara ya Mwanza bwana Robert Gabriel mu ikomine yitwa Ukerewe. Gusa izindi modokari zibiri zarimwo uwo mukuru w'intara n'abandi bakozi ba reta zo ntaco zabaye.

Abapfuye ni Husina Milanzi yakorera ikinyamakuru ITV, Johari Shani yakorera Uhuru Digital, Antony Chuwa wo mu kinyamakuru Habari Leo, Abel Ngapenda yari umuvugizi w'intara ya Mwanza, Steven Msengi umuvugizi w'i komine yitwa Ukerewe hamwe na shoferi yatwaza iyo modokari bwana Paul Silanga

Abandi bantu 8 bapfiriye mu modokari ntoyi yunguruza abantu n'ibintu ari yo yagonganye n'iyo yarimwo abanyamakuru. Gusa, abanyamakuru babiri barahakijwe ariko barakomeretse cyane nabo ni Tunu Hermani umunyamakuru yigenga hamwe na Ivany Charles akorera ikinyamakuru Icon TV.

Nyuma y'iryo sanganganya umukuru w'intara ya Mwanza bwana Robert Gabriel yabariye abanyamakuru yuko reta iri mu bihe bikomeye cyane, yasavye abanyagihugu mu ntara ya Mwanza kwihangana.

Prezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hasani yahojeje amarira imiryango yose yabuze n'incuti zabo abasaba kwihangana muri iki gihe gikomeye barimwo. Umuhango wo gusezera ubwa nyuma ibiziga vy'abo bantu 14 bapfiriye muri iyo mpanuka wabaye kuri uyu wa gatatu mu kibuga c’umupira Nyamagana nyuma y'aho buri umwe umwe azoca ajanwa gushingurwa aho yavukiye mu muryango wiwe.

Inkuru ya James Jovin akorera Ijwi ry'Amerika muri Tanzaniya

Abamenyeshamakuru Bagize Insanganya Bari Baherekeje Umukuru w'Intara ya Mwanza
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:56 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG