Uko wahagera

Tabaré Vazquez Yahoze ari Perezida wa Uruguay Yitavye Imana


Tabare Vazquez
Tabare Vazquez

Tabaré Vazquez yabaye Perezida wa Uruguay kuva mu 2005 gushika mu 2010, no kuva mu 2015 gushika mu kwa gatatu k’uno mwaka wa 2020 yitavye Imana ku myaka 80.

Uyo munyepolitike yamenyekanye cane kubera urugamba rwo kurwanya kunwera itabi mu bibanza bihuriramwo abantu benshi yahitanywe na Canceri y’amahaha nkuko umuryango wiwe wabivuze mw'itangazo wasohoye.

Umwe mu bahungu biwe yitwa Alvaro Vazquez, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yagize ati: “ Data yashengeye ari ku muhana iwe kandi akikujwe n’abaryango ndetse n’abagenzi biwe ba hagufi. Turashimiye cane abanya-Uruguay bamweretse ko bamufise ku mutima mu kiringo kirekire”.

Tabaré Vazquez aza gushingurwa uno munsi nyene ku wa Mungu, mu mihango iza kwitabirwa n’abaryango bake cane kubera ikiza ca Virusi ya Corona. Umuryango wiwe naho biri uko, watumiye abanyagihugu bipfuza guherekeza uwo yababereye umurongozi mu kiringo c’imyaka 10 kwifatanya nawo biciye ku mboneshakurre y’igihugu, bitegekanijwe ko yerekana imwe mu mihango yo kumushingurana iteka.

Ivy’uburwayi bwa Nyakwigendera Tabaré Vazquez vyamenyekanye mu 2019 akiri perezida. Ico gihe vyatangajwe n’umuganga wiwe yari yavuze ko uburwayi bwiwe butari kumubuza kuyobora Uruguay.

Perezida Tabaré Vazquez azohora yibukwa nk'uwatumye Uruguay iba igihugu ca mbere co muri Amerika Latine cabujije kunwera itabi ahahurira abantu benshi, n'ica gatanu cabibujije kw'isi yose. Ni intambara yagwanye ahanini bivuye ku mfu za se, nyina na mushiki wiwe bose bahitanywe na canceri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG