Uko wahagera

Siriya: Abahinga ba ONU Bakirijwe Amasasu i Douma


Umurwi wa mbere w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, wari ujejwe gutegura abajejwe gutohoza ku gitero kivurwa ko cakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara mu gisagara ca Douma, mu gihugu ca Siriya, wakiwe n’amasasi na bombe igihe wari mu gikorwa c’ugutororokanya amakuru muri ico gisagara.

Ivyo vyabaye ku musi wa kabiri. Uwo murwi waciye ugaruka ku murwa mukuru, Damas.

Amakuru yatangajwe n’ishirahamwe ONU avuga ko ata muntu n'umwe mu bari bagize uwo murwi yakomeretse muri ico gitero.

Abahinga b’urwego rujejwe kuziririza ibirwanisho bikoresha imyuka y’ubumara bashaka kugendera ikibanza igitero gikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara kuvurwa ko cabereyemwo, kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane. Ico gitero cishe abantu mirongo ine.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse vyagirije Reta ya Perezida Bashar al-Assad kuri ico gitero, mu gihe Uburusiya na Siriya biguma bivuga ko ata gitero gikoreshe ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara cabaye. Abajejwe itohoza kuri ico gitero bashitse muri Siriya ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.

Niwo musi Amerika, Ubufaransa, n’Ubwongereza vyagira ibitero vy’amamisile mu bibanza bitatu bikora ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG