Uko wahagera

Sviatlana Yahiganira Kuba Umukuru w'Igihugu muri Bielorussie Yahunze


Sviatlana Tsikhanouskaya
Sviatlana Tsikhanouskaya

Sviatlana Tsikhanouskaya yari umwe mu bakandida batavuga rumwe na Reta mu matora yabaye ku musi w'Imana urangiye muri Bielorussie yahungiye muri Lithuania.

Yatangaje iyo nkuru uno musi ku wa kabiri. Ni inyuma y’ijoro rigira kabiri ry’imyiyerekano y’inyuma y’amatora aho abari muri yo batanye mu mitwe n’igipolisi.

Tsikhanouskaya, yiyamirije ivyavuye mu matora, amenyesha ko kuva mu gihugu ciwe yabaye ingingo itoroshe na gato. Yamara avuga ko yabikoze ku neza y’abana biwe. Avuga ko abatari bake bazomwumva mu gihe hari abandi bazomuzira, ko yamara ata kundi yari kubigenza.

Mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kabiri, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Lithuania, Linas Linkevicius, yamenyesheje, mu butumwa ku rubuga Twitter, ko Tsikhanouskaya yashitse amarembe mu gihugu ciwe.

Yaragiye mu kinyegero imbere y’amatora yo ku musi w’Imana urangiye inyuma yuko igipolisi gifpunze abakozi biwe bakomeye 2 hamwe n’abandi bantu 7 bari mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza. Yasubiye guseruka ahabona agiye gutora.

Prezida Alexander Lukashenko yatangaje ku musi wa mbere ko abariko bagira imyiyerekano bashigikiye abatavuga rumwe na Reta bazofatirwa ingingo ruhasha. Atangaza ko bariko bakoreshwa n’abanyamahanga.

Igipolisi camenyesheje ko umwe mu bari mu myiyerekano yapfuye ku murwa mukuru, Minsk, igihe yagerageza gutera bombe, yamara ica imuturikira mu minwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG