Uko wahagera

Sudani na Sudani yo mu Bumanuko Bisabwa Gusubira Kubandanya Ibiganiro


Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir
Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir

Prezida wa Amerika, Barack Obama yasavye ama Reta n’abanyagihugu bo muri Sudani na Sudani yo mu bumanuko gusubira kubandanya ibiganiro n’ukwirinda gusubira mu ngwano.

Mu butumwa kuri video bwashizwe ku kibanza ca internet, YouTube mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu, prezida Obama yasavye abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri kwirinda iyindi ngwano.

Akamo ka prezida Obama kabaye inyuma y’ikiringo kirenga indwi c’ugutana mu mitwe ku rubibe hagati ya Sudani na Sudani yo mu bumanuko. Ivyo bikwirikiye umusi w’ibirori mu gihugu ca Sudani, aho abanyagihugu n’abategetsi bahayagije ivyatangajwe na Reta vyuko abasirikare ba Reta basubiye gufata amariba y’ibitoro mu gice ca Heglig yari mu minwe ya Sudani yo mu bumanuko.

Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir yarayoboye ibirori vy’intsinzi ku musi wa gatanu ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, mu gihe inteko zari mu kamwemwe zagize ibirori mu karere karimwo amatati ka Heglig.

Yamara ambassadeur wa Sudani yo mu bumanuko mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Agnes Oswaha yatangaje ku musi wa gatanu, kw’inteko zo mu bumanuko bwa Sudani zigifise igice ca Helgig, zafashe kw’italiki cumi z’ukwezi kwa kane, mu vyatumye haba ubwoba bw’ingwano ikomeye hagati y’ivyo bihugu bibiri.

XS
SM
MD
LG