Uko wahagera

Guhagarika Akazi Muri Afrika y’Epfo


Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya reta muri Afrika y’Epfo, Richard Baloyi, avuga ko kwongera imishahara y’abakozi bizotwara imiliyoni 700 z’amadolari

Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya reta muri Afrika y’Epfo, Richard Baloyi, yavuze ko yemeye kwongera imishahara y’abakozi gushika ku bice 7/100, hakongerako amadolari 95 y’uburaro. Vyose muri rusangi bikazotwara imiliyoni 700 z’amadolari. Kugira ngo ayo mahera aboneke, reta izotegezwa kuza iragabanya kuyo yokoresheje ahandi.

Umushikiranganji Baloyi avuga ko igikomeye atari ukumenya ingene reta izobikora, ahubwo ngo n’ukumenya niba ifise ubushobozi bwo kubikora, kuko yemeye ivyo itazoshobora. Avuga rero ko bakwiye kubisubiramwo, bakihweza ibikenewe kurusha ibindi. Ikindi kibazo ngo n’ugusigurira abanyagihugu iyo izo miliyoni 700 z’amadolari zizova.

Impapuro z’ivyo Reta ishira ibikumu uyu musi ku mpapuro z’ivyo yemeye, ariko bikazoshigwa mu ngiro inyuma y’imisi mirongo ibiri n’umwe. Amashirahamwe y’abakozi avuga ko atazokwemera kwongerwa igitigiri kiri musi y’ibice 8.6/100 vy’umushahara, hongeyeko n’amadolari 135 ku kwezi y’uburaro.

Abarimu batari bake nti batonze kw’ishure, bituma abanyeshure babura ababigisha. Basabwe rero gukoranira mu migwi, hanyuma umugwi wose ugatora uwuwurongora. Amashirahamwe y’abakozi avuga ko kuva uyu musi agiye gukwira igihugu cose, atera akamo abakozi ngo bahagarike akazi. Hari n’abanywanyi bayo bagabisha ko bashobora kuzibira amabarabara makuru makuru, kugira ngo babuze abantu kuja ku mirimo yabo. Ariko reta ivuga ko itazobisabirako.

Abarongoye amashirahamwe y’abakozi n’abaserukira reta bavuga ko bazombandanya ibiganiro kuri ico kibazo co kwongera imishahara batarumvikanako.

XS
SM
MD
LG