Uko wahagera

Inzara Irayogoza muri Sudani yo mu Bumanuko


Ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n’amashirahamwe atabara imbabare avuga kw’ingwano yo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, yiyongereye ku bindi bibazo bijyanye n’ibihe bibi, yatumye umwimbu w’ibifungurwa mur’ico gihugu, ugabanuka.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamahanga bijejwe ikigega c’ibifungurwa bivuga kw’umwimbu w’intebe n’ibigori muri Sudani yo mu bamanuko, wagabanutse amatoni 400 ku mwaka, n’ukuvuga ibice 53%/

Ibintu rero vyifashe nabi mur’ico gihugu cari gisanzwe kigeramiwe n’ikibazo c’ubukene bw’ifungurwa.

Ivyo biharuro bishikirijwe inyuma y’aho hatangarijwe amakuru avuga kw’amashirahamwe ajejwe kwitaho imbabare, yanditse amakuru avuga kw’abanyagihugu bo muri Sudani y’Epfo barya rimwe ku munsi, kubera ibiciro vy’ibifungurwa, vyaduze cane

XS
SM
MD
LG