Uko wahagera

Sentare ku Mabi Yakozwe muri Sudani y'Epfo


Human Rights Watch imenyesha ko inteko za Reta mu ntara ya Western Equatoria muri Sudani y'Epfo zakoze amabi
Human Rights Watch imenyesha ko inteko za Reta mu ntara ya Western Equatoria muri Sudani y'Epfo zakoze amabi

Human Rights Watch, ishirahamwe riharanaira agateka ka muntu, ryasavye umuryango w’ubumwe bwa Afrika gushiraho sentare igenewe gucira urubanza amabi akomeye cane yakozwe muri Sudani y'Epfo aho iryo shirahamwe rivuga ko igisirikare ca Reta n’abarwanya ubutegetsi batyoje bikomeye agateka ka muntu.

Human Rights Watch yamenyesheje, kuri uno wa mbere, ko hari ivyemezo vy’ubwicanyi, gufata abapfasoni ku nguvu n’ukuzimanganya abantu vyakozwe n’inteko za Reta mu ntara ya Western Equatoria.

Mu kwezi guheze, icegera c’umumnyamabanga mukuru wa ONU, Ivan Simonovic, yarerekanye kw’intara ya Western Equatoria ari imwe mu turere aho ubwicanyi bubera.

Amenyesha ko yaronse amakuru y’ubwicanyi, n’ugufata abapfasoni ku nguvu.

Ishirahamwe Human Rights Watch rimenyesha kw’abashakashatsi bagendeye akarere ka Western Equatoria mu kwezi kwa kabiri, aho ivyabona bamenyesheje kw’abasirikare ba Reta bagize ibitero mu mazu y’abanyagihugu, barasahura bongera bakura mu zabo abasivile ibihumbi n’ibihumbi.

Ubwicanyi muri Sudani y'Epfo bwarabandanije naho amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw’umunani hagati ya Reta n’abarwanya ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG