Uko wahagera

Sondland Avuga ko Trump Yaremereye Igihugu ca Ukraine


Ambassaderi Gordon Sondland
Ambassaderi Gordon Sondland

Muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, umurwi w’abashingamateka ujewe iperereza uriko urumviriza umwe mu bategetsi bakomye afise ico ashikiriza ku bijanye n’ibirego vyagirizwa Prezida Donald Trump.

Prezida Trump yagirizwa ko yakoze ibishobotse vyose kugira ngo ahimirize igihugu ca Ukraine kugira gitohoze ivyaha vyikekwako abanyapolitike batavuga rumwe nawe.

Ambasaderi aserukira Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu bihugu bigize ishirahamwe rya Bulaya, Gordon Sondland, ni we abaye isura ya mbere yari afise umurongo wa terefone avuganirako na Prezida Trump bidaciye ku bandi bantu, ashikirije ku mugaragaro ivyo azi ku birego vyagirizwa Trump, muri iryo tohozwa rirongowe n’abademokrate.

Nk’uko ayandi masura yabishikirije, Sondland yaravuganye na Prezida Trump akatari gake kuva hagati mu kwezi kw’indwi gushika hagati mu kw’icenda.

Muri make, Sondland ariko avuga ko Prezida Trump hamwe n’abandi bafasha biwe, bagize uruhara mu guhimiriza igihugu ca Ukraine ngo gitangure itohoza kuri Joe Biden, umunyapolitike bashobora kuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe umwaka utaha. Joe Biden yarigeze kuba visi prezida w’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG