Uko wahagera

Somaliya: Igisirikare ca Uganda Cemeza ko Cishe aba al-shabaab 189


Bamwe mu Basirikare ba Uganda bari kugarukana amahoro muri Somaliya
Bamwe mu Basirikare ba Uganda bari kugarukana amahoro muri Somaliya

Abategetsi muri Somaliya n’igisirikare ca Uganda bavuga ko baraye bishe intagondwa z’aba al-shabaab zigera ku 189. Mu kiganiro buramatari w’intara ya Lower Shabelle yabereyemwo ico gitero yahaye igisata ca Somali kw’Ijwi ry’Amerika, yavuze ko izi ntagondwa zishwe mu masaha akuze y’ejo ku wa gatanu no mu gatondo k’uno wa gatandatu hifashishijwe kajugujugu y’abasirikare ba Uganda mu muryango w’ubumwe bw’Afurika.

Icegera c’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Lt. Col. Deo Akiki na we yemeje aya makuru avuga ko hambavu y’abo bishwe, hasambuwe ahari habistwe ibirwanisho vy’izo ntagondwa z’aba al-shabaab bongera bamenagura n’amapikipiki yabo. Mw’itangazo rya UPDF, igisirikare ca Uganda congeyeko hari n’inama y’izo ntagondwa caburijemwo.

Abategetsi muri Somaliya n’igisirikare ca Uganda bigamvye iki gitero bavuga koari co ca mbere gihitanye abarwanyi b’aba al-shabaab benshi mu munsi umwe. Ibi izi mpande zishimangira ko zibikesha umukenyuro mushasha wo kwifashisha za kajugujugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG