Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare 6 b'Abarundi Bahitanywe n'Igitero ca Al- Shabaab


Bamwe mu ngabo z'Abarundi mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya
Bamwe mu ngabo z'Abarundi mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya

Abasirikare batandatu b'Abarundi baraguye mu gitero c'intagondwa za Al Shabaab ku musi wa gatandatu w'iyi ndwi, abandi batatu barakomereka mu gihe babiri baburiwe irengero.

Mu bapfuye harimwo intwazangabo y'ipete rya majoro, igisirikare c'Uburundi kiravyemeza mugabo kikavuga ko ivyahononekariye vyose bitaramenyekana.

Abo basirikare 6 b’Abarundi baguye mu gitero c’intagondwa za Al Shabaab mu gihe bari mu bikorwa vyo gucungera umutekano muri district ya Bal’Ad, iri mu karere ka Shabelle hagati ku bilometero 36 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Mogadisho.

Amakuru ava muri contingent y’Abarundi iri muri Somaliya avuga ko abo basirikare baguye mu mutego w’aba Al Shabaab bariko barakizura mur'ako gace karimwo ibigwati 82 bigizwe n’abantu barenga ibihumbi 640.

Capitaine Oscar Manirakiza avugira ingabo z’Uburundi muri Somaliya yabwiye Ijwi ry’Amerika ko adashobora kwemeza canke ngo ahakane aya makuru kubera ari mu karuhuko i Bujumbura aho amaze imisi yaroye kwivuza.

Ariko umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Floribert Biyereke aremeza ko iki gitero cabaye. Mugabo nta vyinshi yongerako. Amenyesha ko ivyahononekariye bitaramenyekana vyose ariko ko nivyamenyekana azogira ico ashikirije.

Ku rubuga rwa internet kuri site yazo, intagondwa za Al Shabaab zemanze ko ari zo zakoze ico gitero. Umuhari wa Al Shabaab wandika uvuga uti « Ni twe turi inyuma y’igitero cabereye Bal’Ad ku musi wa gatandatu », wongerako uti « twaturiye imodokari z’igisirikare zitatu twica abasoda cumi ».

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi Eloge Willy Kaneza.

Abasirikare 6 b'Abarundi Baguye mu Gitero ca Al-Shabab muri Somaliya
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:55 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG