Uko wahagera

ONU Irasabira Infashanyo Abanyasiriya.


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritera akamo amakungu gufasha abanyasiriya bahanzwe n’ibibazo vy’impunzi.

Ishirahamwe ONU ejo ku musi wa kabiri ryamenyesheje ko rikeneye imiliyaridi zirenga indwi z’amadolali mu mafaranga rikeneye gufashisha impunzi mur’uyu mwaka w’2016. Ayo mahera azofasha abantu bashika imiliyoni 22 n’igice ziri muri Siriya no mur’ako karere.

Igisata ca ONU gifasha impunzi kimenyesha ko ubwo buryo buzofasha impunzi imiliyoni zirenga zine vyitezwe ko zigiye guhungira mu bihugu bibanyi na Irani bahunga intambara mur’ako karere mu mwaka w’2016.

Ayo mafaranga azofasha kandi abanyasiriya bashika imiliyoni cumi na zitatu bahungiye hagati mu gihugu ca Siriya bahunga intambara.

XS
SM
MD
LG