Uko wahagera

Sierra Leone: Samura Yatsinzwe mu Matora Ntiyemera Ivyayavuyemwo


Hamwe muho Abanyagihugu bo muri Sierra Leone Batoreye

Umukandida yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba mu gihugu ca Sierra Leone, Samura Kamara, yituye sentare ntayegayezwa yo muri ico gihugu, mu ntumbero y’ukutemera intsinzi ya Julius Biao. Kamara yamara yari yakeje Bio ku ntsinzi yiwe mu ndwi iheze.

Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe amatora, Albert Massaquoi, yamenyeshejwe ku vyerekeye ingingo ya Kamara ku muhingamo wo ku musi wa gatatu. Avuga ko ivyo biri mu migenzo ya demokrasi.

Umukandida yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba mu gihugu ca Sierra Leone, Samura Kamara
Umukandida yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba mu gihugu ca Sierra Leone, Samura Kamara

​Mu vyo yitwariye imbere ya sentare ntayegayezwa, Kamara yagirije umurwi w’igihugu ujejwe amatora ko watangaje intsinzi ya Julius Maada Bio kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane utaravye ibitagenze neza mu matora vyibonekeje mu ncuro ya kabiri y’amatora kw’italiki 31 y’ukwezi kwa gatatu.

Kubera izo mvo, Kamara asaba sentare ntayegeyezwa gutegeka gukuraho iharurwa ry’amajwi yo mu bibanza vyabereyemwo ubusuma bw’amajwi.

Asaba kandi gufuta itangazwa ry’intsinzi ya Julius Maada Bio, yarahiye amasaha abiri inyuma yuko intsinzi yiwe itangajwe.

Ibirori vy’ukumushikiriza icese ubutegetsi bitegekanijwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi, ku murwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG