Uko wahagera

Serwakira Yiswe Dorian Yagabanije Umuvuduko


Igihuhusi Dorian cagabanije inguvu yamara kigikomeye. Kiriko gitera kidugana inkengera z’ibahari z’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika uno musi ku wa gatatu.

Ico gihuhusi kiriko kigeramira abantu baba muri ivyo bice n’imyuzure ikomeye. Ico gihuhusi kiracashobora gushika ku butaka bwa Amerika.

Mu gihe ivyononywe n’igihuhusi Dorian mu mazinga ya Bahamas biriko biramenyekana, abahinga mu vyerekeye ibirere bavuga ko co gihuhusi kigeze mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta ya Florida aho kiriko cegereza ubutaka bwa Amerika.

Igihuhusi Dorian, kivurwa ko kiriko kigenda n’umuvuduko w’ibilometero 13 kw’isaha, kiza kwegereza igice co ku nkengera z’amazi co mu buseruko bwa Reta ya Florida no mu bice biri ku nkengera y’amazi vya Reta ya Georgia mw’ijoro ry’uno musi ku wa gatatu. Ico gihuhusi kizoba kiriko gitera kija mu buraruko.

Bitegekanijwe ko gishika mu bice biri ku nkengera z’amazi vyo mu ma Reta ya Carolina yo mu bumanuko na Carolina yo mu buraruko ejo ku musi wa kane gushika ku musi wa gatanu mu gitondo.

Abahinga mu vyerekeye ibirere bavuga ko igihuhusi Dorian muri iki gihe kiri ku rugero rwa 2 ku bijanye n’inguvu zaco. Ico gihuhusi cavuye ku rugero rwa 5 igihe cabica bigacika mu mazinga ya Bahamas mu minsi mikeyi irangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG