Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha Y’I La Haye Yariyamirije Ivyasabwe vy’Uguhagarika Sylvestre Mudacumura


Mudacumura yagirizwa ubwoko butanu bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu n’ubwoko icenda bw’ivyaha vyo mu ngwano, vyakozwe hagati y’umwaka w’2009 n’umwaka w’2010

Abacamanza muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye, bariyamirije ivyasabwe n’umushikirizamanza mukuru, Luis Moreno-Ocampo vy’ugusohora impapuro z’uguhagarika umutegetsi akomeye mu mugwi ugwanya ubutegetsi bw’Urwanda, FDLR umaze imyaka itari mike urya umutima abanyagihugu mu buseruko bwa Congo.

Mu ngingo yari mu rwandiko ejo ku musi wa kane, abacamanza batangaje kw’ivyasabwe n’umushikirizamanza mukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I L Haye, Luis Moreno-Ocampo kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kwa gatanu bitatanze amakuru akenewe ku vyaha vyagirizwa Sylvestre Mudacumura, umutegetsi mukuru w’umugwi FDLR.

Mudacumura yagirizwa ubwoko butanu bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu n’ubwoko icenda bw’ivyaha vyo mu ngwano, vyakozwe hagati y’umwaka w’2009 n’umwaka w’2010, mu ntara za Kivu yo mu buraruko na Kivu yo mu bumanuko. Ivyo vyagirizo birimwo ibitero ku basivile, ubwicanyi, guca abantu ibihimba vy’umubiri, gufata abantu bunyamaswa n’ugusambura inyubakwa.

Yamara abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye bavuze kw’ivyashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru, Luis Moreno-Ocampo atashitse ku rugero rutomoye mu gusigura ivyaha Mudacumura akwirikiranwako.

XS
SM
MD
LG