Uko wahagera

Umushingamateka Donald Payne Aserukira Intara ya New Jersey, Yaraye Yitavye Umuremyi


Umushingamateka wa mbere w’umwirabure aserukira intara yo mu buseruko ya New Jersey, Donald Payne, yaritavye umuremyi, inyuma y’urugamba yarwanye rw’ingwara ya Cancer yo mu giti c’umugongo.

Amakuru atangwa n’bantu bari basanzwe begereye umushingantahe Payne yar'afise imyaka 77, avuga ko yasandavye ejo ku musi wa kabiri, ari mu bitaro vyo mu ntara ya New Jersey.

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama, ejo ku musi wa kabiri, yaratanze ubutumwa bwo guhoza umuryango wa Payne, inyuma y’aho arangarije ikiganiro yariko aha abamenyeshamakuru. Yavuze ko Payne yari umuntu w’intungane kandi akaba n’umugenzi, yakoze ibintu vyinshi bifitiye akamaro reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’amakungu.

Payne yatangaje kw’ariko aravugwa ingwara ya Cancer mu kwezi guheze, yamara yari yavuze kw’azobandanya guserukira district yiwe mu nama nshingamateka. Uyo mushingantahe yari yabaye umushingamateka kuva mu mwaka w’1988, kandi yari yasubiye gutorwa ubugira12, mur’ico kibanza mu mwaka w’2010.

Payne yaravuzwe mu makungu mu kwezi kwa kane mu mwaka w’2009, igihe yari mu rugendo mu gihugu ca Somalia, maze abagwanyi bakarasa ibikoho vya mortier ku kibanza c’indege, igihe yariko arava mur’ico gisagara n’indege. Payne yavuye ku kibanza c’indege mu mahoro, yamara abasivile batari bake, barakomerekejwe n’ivyo bikoho vya mortier.

Payne yari yagiye mu gihugu ca Somalia kubonana na president hamwe n’umushikiranganji wa mbere ku vyerekeye ibibazo bijanye n’ibikorwa vyo kunyuruza no gufata ubwato, bikorwa n’imirwi yigumuye, hamwe no ku vyerekeye ibibazo vy’umutekano, n’ugukorera hamwe.

XS
SM
MD
LG