Uko wahagera

Umutekano mu Bibanza Bikoreramwo Abantu Benshi mu Burundi


Mu Burundi, abaporisi batanguye gukomeza umutekano mu bibanza bikoreramwo abantu benshi

Mu Burundi, abaporisi batanguye gukomeza umutekano mu bibanza bikoreramwo abantu benshi. Muri iyi misi ibiri irangiye, abajejwe umutekano berekanye ko bahagurukiye kuruta igikorwa co gucungera umutekano w'abanyagihugu. Mu bibanza bihuriramwo abantu benshi ibitigiri vy'abaporisi vyongerejwe ku rugero rwo hejuru. Mu gisagara ca Bujumbura, kuva kw’igenekrezo rya cumi n’umunani ry’uku kwezi kw’indwi, usanga abaporisi barikanuye, hafi y'amasoko, amasengero, ibibuga vy'inkino no ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika.

Abarongoye urwego rw'Abaporisi basigura iyo ingingo yo gukomeza umutekano bavuga ko ijanye n'ivyatangajwe n'intagondwa zo muri Somaliya zo mu mugwi "Al Shabaab" zagabishije zivuga ko zishobora gutera Uburundi. Ijoro n'umurango, abaporisi bakomeje kandi igikorwa co kugendura abahita mu miduga, babasaba ibibaranga bongera basaka iyo miduga.

Abajewe umutekano basaba abarundi bose gufasha mu gutanga inkuru zijanye n'ico cose kigaragaza ko gishobora guhungabanya umutekano. Abnya Somaliya basanzwe baba mu Burundi basaba kudafatwa ikivunga ngo bitwe bose inkozi z'ikibi. Mu matangazo bagenda bashikiriza ku maradiyo abo banya Somaliya biyemeza gufasha mu kugwanya ibitero vy'intagondwa bifadikanije n'Abarundi. Umugwi w'intagondwa Al-shabaab wo muri Somalia watangaje ko ugiye kugira ibitero mu Burundi no mu Buganda, ibihugu vyarungitse abasirikare gushigikira reta ya Somalia.

XS
SM
MD
LG