Uko wahagera

Sanders Yahagaritse Kwiyamamaza nka Kandida w'Abademokrate


Bernie Sanders
Bernie Sanders

Senateri wo muri Reta ya Vermont, Bernie Sanders yahagaritse igikorwa ciwe c'ukwiyamamariza kugenwa n'umugambwe wiwe w'abademokrate kugira azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe kuba muri Amerika mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka.

Bernie Sanders yatangaje iyo ngingo uno musi ka wa gatatu. Ivyo bikaba bihaye inzira Joe Biden, yahoze ari icegera ca Perezida y’ukugenwa n’umugambwe w’abademokrate kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe muri iki gihe. Azohiganwa na Perezida Donald Trump wo mu mugambwe w’abarepublika.

Ingingo ya Senateri Sanders, afise imyaka 78 muri iki gihe, ibonwa ko izofasha abanywanyi b’umugambwe w’abademokrate kuja hamwe mu rugamba rw’ukuzogerageza gutsinda Perezida Trump mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Bernie Sanders ntiyashoboye gushigikirwa bihagije n’abirabure b’Abanyamerika. Ivyo bikaba vyabaye ikibazo gikomeye kuri we kubera abirabure b’Abanyamerika bafise uruhara rukomeye ku bakandida b’abademokrate ku bijanye n’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG