Uko wahagera

SADC Yongereje Ikiringo c'Inteko Zayo muri Mozambike


Zimwe mu nteko za SADC muri Mozambike
Zimwe mu nteko za SADC muri Mozambike

Ibihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko bigize ishirahamwe SADC vyongereje ikiringo c'inteko zavyo vyarungitse muri Mozambike. Ivyo bihugu vyumvikanye kuri iyo ngingo mu nama yabaye uno musi ku wa gatatu, ku murwa mukuru wa Malawi, Lilongwe.

Itangazo ryasohowe inyuma y’uko abakuru b’igihugu bigize ishirahamwe SADC bahuriye i Lilongwe, rimenyesha ko iyo nama yasanze hari intambwe zashitsweko kuva inteko z’ivyo bihugu zirungitswe muri Mozambike. Baciye bafata ingingo yo kwongereza ikiringo cazo.

Yamara iryo tangazo ntiryamenyesheje igihe ikiringo congerejwe c’izo nteko, kizomara. Mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka urangiye, ivyo bihugu vyari vyumvikanye kurungika inteko muri Mozambike kurwanya umugumuko w’intagondwa z’abayislamu zikorera mu ntara ya Cabo Delgado iri mu buraruko bw’igihugu. Mu ntango, izo nteko zari zarungitswe mu kiringo c’amezi atatu.

U Rwanda, igihugu kitari mw’ishirahamwe SADC, na rwo nyene rwararungitse abasirikare muri Mozambike. Mu mwaka uheze umugumuko w’intagondwa z’abayislamu warahagaritse umugambi w’isosiyete y’amasoko ntanganguvu y’Ubufaransa, Total, wo gucukura umwuka utanga inguvu bita. Hari inyuma y’uko izo “ntagondwa” ziteye igisagara ca Palma aho iyo sosiyete ikorera.

Igisirikare ca Mozambike cari catakaje ibice bitari bike vyari vyigaruriwe n’izo ntagondwa mu ntara ya Cabo Delgado. Reta ya Mozambike yategerejwe kwemera gufashwa n’inteko zo mu mahanga. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG