Uko wahagera

Rwanda: Impari ku Mfashanyo ya HCR ku Mpunzi Ziba mu Bisagara


Ubufasha b'ishami rya ONU ryitaho impunzi kw'isi, HCR, bugenewe impunzi ziba mu bisagara mu Rwanda muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa Corona bwacanishijemwo abo bugenewe.

Komite y’impunzi yifuza ko amadolari 30 agenewe buri mpunzi ku kwezi yohabwa impunzi zose ata numwe avuyemwo, HCR na yo ikavuga ko ata buryo ifise bwokwira bose, ko hazofashwa ba ntahonikora kurusha abandi bagera ku 7000 mu gihe impunzi zose ziba mu bisagara zirenga gato ibihumbu 12.

Ayo mafaranga ateye impari yatanguye gutangirwa mu karere ka Huye mu ntara y’amajepfo, mu ntango z’ukwezi guheze mu ntumbero yo kubasahiriza kubera ikiza c’umugera wa Corona catumye n’abari bafise utwo bakora bidakunda ahubwo bakaguma mu nzu, kugira bikingire.

Kuva ico gihe, ababa I Kigali no mu micungararo baciye batangura kwizera ko n’abo ari vuba ndetse na HCR rirabizeza ko n’abo bagiye kubukura mu cibo. Gusa HCR yongeyeko ko ako gafashanyo kazohabwa ba ntaho nikora.

Aho ni ho amajambo yagiye kuba menshi. Gushika aho uwutwara Komite y’impunzi zose ziba mu bisagara Patrice Ntadohoka yandikira urwandiko uwuserukira HCR mu Rwanda, amubwira ko iryo shirahamwe ryogerageza ntiricanishemwo impunzi ahubwo ko ako gafashanyo kohabwa bose, kuko kuri we,ata mwana n’ikinono.

Ahmed Baba Fall aserukira HCR mu Rwanda, ntiyatevye kwishura ku makenga komite y’impunzi ziba mu bisagara yamutuye. Yavuze ko kubera uburyo buke HCR ifise, idashobora guha ako gafashanyo impunzi zose n’abasaba ubuhungiro bari mu bisagara, ahubwo ko abageze mu za bukuru, ba ntahonikora hamwe n’abagendana ubumuga ari bo bazokorwa mu ntoke gusa.

Mu kiganiro cihariye umuvugizi wa HCR mu Rwanda yabwiye Ijwi ry'Amerika ko mu mpunzi ziba mu bisagara zirenga gato ibihumbi 12, abagera ku bihumbi 7 ba ntahonikora gusumba abandi ari bo baronswa ako gafashanyo k’amafranga 27.500 y’u Rwanda.

Abenshi muri abo ni Abarundi barenga gato ibihumbi 10, abandi nabo ni abakongomani nkuko umufasoni Elise Villechalane, ajejwe kumenyeshamakuru muri HCR yabitangarije Ijwi ry'Amerika.

Ku bwa komite y’impunzi, icari gikwiye gufatirwako corohereza bose ni uko impunzi zose zagizweko ingaruka n’ikiza ca Corona, gutyo ko atawari kubura. Iyo komite igirako itanga umuti ko agafashanyo kari gutuma gatangwa mu kiringo c’amezi 2 hako aba 3 kugira bose bakaronke, hako kaba agafashanyo kaza gucanishamwo impunzi. Yamara HCR yishura ko yafatiye ku makuru impunzi zatanze igihe ziyandikisha zisaba ubuhungiro.

Hagati aho hari n’uwundi mugwi w’impunzi cane cane iz’Abarundi bashimye kwitura ubushikiranganji bujejwe impunzi mu Rwanda kugira bufashe mu gutatura izo mpari.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Rwanda: Impari ku Mfashanyo ya HCR ku Mpunzi Ziba mu Bisagara
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:25 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG