Uko wahagera

Rwanda: Ikiza ca Virusi ya Corona Cashitse mu Makambi y'Abarundi


Ikambi ya Mahama
Ikambi ya Mahama

Ikiza c’umugera wa Corona cashitse mu makambi y’impunzi mu Rwanda. Iyibangamiwe cane ni ikambi y’impunzi z’Abarundi ya Mahama iri mu buseruko bw’u Rwanda, ahamaze kuboneka abarwayi barenga 80 mu ndwi zibiri nkuko ikigo RBC kijejwe amagara y’abantu, mu matangazo yerekana abanduye n’abakize kivyerekana,

Iyindi nkambi ivugwamwo umugera wa Covid-19 ni iya Kiziba iri mu karere ka Karongi. Ico kigo kivuga ko aho hamaze kubonekayo abarwayi 14 mu minsi 10 iheze. I Mahama, nka bose bapimwe mu barundi baba bifuza guhunguka, nk’uko uwujejwe ikambi ya Mahama abivuga.

Ubu impunzi ziri mu bwoba bwinshi nk’uko bamwe mu Barundi bariyo babibwiye Ijwi ry’Amerika. Ico bikoze, umukuru w’ikambi yemeza ko hafashwe ingingo ruhasha zo kwirinda ico kiza ca Covid-19. Gusa, izo ngamba zafashwe, impunzi zivuga ko zidahagije, bagatinya ko ico kiza gishobora kurandagata mw’ikambi irimwo abantu barenga ibihumbi 59 babana begeranye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG