Uko wahagera

Amb. Jacques Bihozagara Yaguye muri Gereza ya Mpimba


Jacques Bihozagara
Jacques Bihozagara

Jacques Bihozagara yahoze ar’umutegetsi muri reta y’u Rwanda, ku musi wa gatatu yaritavye umuremyi ari mw’ibohero rya Mpimba, I Bujumbura.

Inyuma y’aho urupfu rwiwe rutangarijwe, haranditswe amakuru anyuranye ku mbuga mpuzambaga. Ikindi kandi, urupfu rwa Bihozagara rushitse mu gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda itifashe neza.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ubutungane, yarahaye ikiganiro Ijwi ry'Amerika ku vyerekeye urwo rupfu hamwe n’ibiriko birakorwa kugira ngo icamwishe kimenyekane.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:10 0:00

U Rwanda narwo ruvuga ko rurindiriye kumenya ibizova mu gipimo ca “autopsie” co gusuzuma icishe Bihozagara. Umuyobozi w’ibiro vyo mu bushikiranganji bw’u Rwanda bujejwe imigendenderanire no gufashanya n’amakungu, Eugene Ngoga, mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi ry'Amerika, aratgangura avuga ukuntu u Rwanda rwakiriye urupfu rwiwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:46 0:00

Ambasaderi Jean Marie Vianey Ndagijimna yigeze kuba umushikiranganji w’igihugu c’u Rwanda ajejwe imigenderanire, yakoranye na Ambasaderi Bihozagara. Yaravuganye na Radiyo Ijwi rya Amerika, aratangura avuga ukuntu yaramuzi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:39 0:00

XS
SM
MD
LG