Uko wahagera

Rwanda: Urupfu rw'Impunzi y'Umurundi Rwabaye Amayobera


Armel Ntwari ni umurundi yapfiriye i Kigali
Armel Ntwari ni umurundi yapfiriye i Kigali

Ababanyi ndetse n’inzego z'ibanze bikekako boba bahawe uburozi.

Abantu babiri barimwo impunzi y’Umurundi umwe babasanze bapfiriye mu nzu i Kigali mu Rwanda.

Amakuru yatanguye kumenyekana inyuma y’umutaga kuri uyu wa kabiri. Abo bantu uko ari babiri bagizwe n’umugore w’umunyarwandakazi hamwe n’ umusore w’impunzi ava mu Burundi, bahora baba mu karere ka Kicukiro mu gisagara ca Kigali. Umwe wese muri abo yibana wenyene.

Ababanyi babo bavuga ko bari basangiye inzoga ku munsi wa Mungu uheze. Ababanyi ndetse n’inzego z'ibanze bikeka ko bwoba ari uburozi. Uwo mugore yapfuye mw’ijoro ryo ku wa mbere, umusore w’Umurundi na we yitaba Imana kuri uyu wa kabiri.

Urwego rw’inyamiramabi RIB ruremeza ayo makuru. Ruvuga ko rwatanguye amatohoza kugira hamenyekane icishe abo bantu.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Rwanda: 2 Barimwo Impunzi y'Umurundi 1 Babasanze Bapfiriye mu Nzu
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:21 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG