Uko wahagera

Ronaldo na Salah mu Bahiganira Agashimwe k'Umukinyi wa Mbere


Ifoto y'umukinyi Cristiano Ronaldo na Mohamed Salah
Ifoto y'umukinyi Cristiano Ronaldo na Mohamed Salah

Cristiano Ronaldo wo mu gihugu ca Portugal, Mohamed Salah wo muri Misiri na Luka Modric ava muri Croatie bagenywe ku rutonde rw’abakinyi batatu ba mbere bazohiganirwa agashimwe k’umukinyi wa mbere w’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA. Ronaldo ariko arondera gutsindira ako gashimwe incuro igira gatandatu.

Yamara Lionel Messi, yatsindiye ako gashwe incuro zitanu co kimwe na Cristiano Ronaldo, mu kiringo c’imyaka cumi irangiye, ntari ku rutonde rw’abakinyi batatu ba mbere kw’isi. Ni inyuma y’uko agiye kuri urwo rutonde mu kiringo c’imyaka 11 yikwirikiranye.

Ronaldo yatsindiye igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya incuro zine mu myaka itanu akinira umurwi Real de Madrid. Yatangiye gukinira umurwi Juventus wo mu Butaliyano mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Ku ruhande rw’abamenyereza, batatu ba mbere bagenywe ku rutonde bazohiganirwa agashimwe k’umunyereza wa mbere w’ishirahamwe FIFA.

Abo ni Didier Deschamps, yatsindiye igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’uyu mwaka mu mabanga y’umunyereza mukuru w’umugwi w’igihugu c’Ubufransa. Uyu kandi ni we yatsindiye igikombe c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 1998 nk’umukinyi w’igihugu ciwe.

Ubwa kabiri hari Zlatko Dalic yashikanye umurwi nserukiragihugu ca Croatie mu gice ca nyuma c’igikombe c’isi yose c’uyu mwaka nk’umumenyereza mukuru w’igihugu ciwe.

Hari kandi na Zinedine Zidane yatsindiye igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya incuro zitatu yikwirikiranya mu mabanga y’umumenyereza mukuru w’umurwi Real Madrid. Ubu yasezeye uwo murwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG