Uko wahagera

Roch Marc Christian Kaboré Yatsinze Amatora ya Burkina Faso


Abakozi b'akanama gashinzwe amatora bareba impapuro z'itora muri Burkina Faso
Abakozi b'akanama gashinzwe amatora bareba impapuro z'itora muri Burkina Faso

Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Burkina Faso utangaza ko Perezida Roch Marc Christian Kaboré yegukanye intsinzi.  

Uyu murwi CENI ya Burkina Faso yemeje ko Perezida Roch Marc Christian Kaboré ari ku butegetsi kuva mu 2015 yatsinze ku majwi 57,87%. Akurikirwa na Eddie Komboïgo, umukandida ava mu mugambwe w’uwahoze ari Perezida w’ico gihugu Blaise Compaoré, yaronse 15,48% .

Zephirin Diabré afatwa nk’uwukomeye mu batavuga rumwe na reta muri ico gihugu yaronse 12,46% nkuko CENI ibandanya ivyerekana mu biharuro yavuze ko ari ivy’imfatakibanza.

Amatora rtusangi muri Burkina Faso yatunganijwe ku munsi wa Mungu yitabiriwe n’abagera ku miriyoni zitandatu n’ibihumbi amajana atanu. Ica gatanu c’abanyagihugu baba ahanini mu buraruko no mu buseruko ahavugwa indyane z’amoko n’imirwi y’abajihadiste ntibashoboye gutora.

Muri rusangi abahiganywe bari abakandida 13 barimwo Perezida Roch Kaboré w’imyaka 63. Niyaramuka arahiye, azoba arahiriye manda yindi ya kabiri y’imyaka 5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG